Ibicuruzwa vyacu
Ivyerekeye
Burundi Crochet Fashion Shop ni inzu y’uburanga ikora udukozwe n’intoke tw’umwimerere, tugamije guteza imbere imico n'akaranga vy'i Burundi no guha urwaruka n’abakenyezi amahirwe yo kwinjira mu bucuruzi bwa digital.
Twubaka brand y’uburanga ifise originality, sustainability, n’akaranga kacu, kugira ngo ibicuruzwa vyacu bigere ku isoko mpuzamakungu.
Abakora
Aline N.
Umukenyezi w’umuhinga mu gukora impuzu za crochet zifise originality.
Broskie.
Umusore akora amasakoshi ya crochet, yerekana uburanga n’akaranga k’i Burundi.
Joy.
Akora ibikoresho vya crochet, yerekana originality n’ubuhinga.
Ivyo abakiriya bavuga
“Isakoshi ya crochet nari naguze irakomeye kandi y’uburanga. Ndanezerewe cane!”
“Umwambaro wa crochet waranshimishije cane, gusa ndifuza ko mwongera amafoto menshi.”
“Ivyambarwa vya crochet biraryoshye kandi birafise originality. Ndabikunda cane.”
Ibibazo
Nigute mushobora kwishura?
Mushobora kwishura mukoresheje Mobile Money canke kuri WhatsApp.
Nigute ibicuruzwa bitangwa?
Ibicuruzwa bitangwa mu Burundi, kandi turashobora kubitwara hanze y’igihugu ku busabe.
Mushobora kwiyandikisha gute?
Mushobora kwiyandikisha ukoresheje newsletter form iri kuri website.